- Inama y’i Bruxelles ku wa 22 nyakanga, yoba ironderera ineza - TopicsExpress



          

- Inama y’i Bruxelles ku wa 22 nyakanga, yoba ironderera ineza Uburundi : Twiyumvire Ico izoshingirako : « Le Burundi à la croisée des chemins » « Uburundi mu mayira abiri, Uburundi mu karere, Uburundi bwabuze ayo bucira nayo bumira ». Ubwo Uburundi bwabuze koko ayo bucira nayo bumira ? Iyi mvugo irazwi kandi iramenyerewe. Ni iyabarondera kugira abenegihugu bame bahagaritse umutima, bamane ubwoba, kugira baronke uko bobifatira mu minwe, babagire intama zama zabira inyuma yabo. Iyo umuntu atekanye arashobora kwiyumvira, agatohoza, akabona aho ukuri kuri ; aho ntawomugira igikoresho. Ariko umuntu yatekewe n’ubwoba, ubwenge ntibuba bugikora, aca yizera ibihita vyose agacika ya ntama. Hari kandi kurondera kuyobeza abanyamahanga, bo na none bakaba boroshe, kubera basanzwe batazi akahise k’igihugu, bumviriza gusa amajambo, iyo ari ku rutonde bakibaza ngo niyo ; naho shwi. Abanyamahanga bamwe baramaze kubifatira, ahandi ho ntivyumvikana ukugene botumira umurwi umwe wonyene, bazi uko wiyumvira, abandi biyumvira ukundi ukamenga ntibabaho. Ivyo vyerekana ko badashaka ko ivyo bindi vyiyumviro biseruka. Dusaba Ishirahamwe 11.11.11 ko ryokwerekana ko ritaje mu Burundi gushigikira bamwe ngo risobanure abandi kuko rirazwa ishinga no kuryanisha abarundi tuzoryiyamiriza. Turibaza cane ko, aho i Bruxelles, ayo mashirahamwe azoba ariyo, azoba agiye kwihereranya abazungu ngo babuzuzemwo amakuru y’irementanya kugira bakunde babatere intege naho batababwira ico bagamije. Ico conyene nico cosigura uko kwigubana inama yotegerejwe kuba yuguruye. Ico tuzi, turavye imvugo n’ ivyandiko vyabo, ayo mashirahamwe afatanye mu nda n’abanyepolitike bo mu « Kibiri » kandi ivyo ntivyari bibi yoba barondera ubutegetsi mu nzira zemewe n’amategeko kandi zisunga amasezerano y’i Arusha. Ariko namba. Hari kwamiza mu kanwa ijambo akarambaraye kandi i Arusha abarundi bavuze bati tugiye gukomeza amahoro, amashirahamwe amwe amwe, harimwo COSOME na FOCODE azoja muri iyo nama y’i Bruxelles, yarubahutse ngo amakungu adatabaye vuba ngo mu Burundi bigiye kuyangara (ikete ryarungikiwe umunyamabanga mukuru wa ONU) ; kubona NGENDAKUMANA Léonce yiyandikira we nyene ko arondera iyindi nzira (une autre voie). Aha rero ntidubiye muri bwa bubeshi bwimonogoje, bwama bukwiza mu kwambika ibara abantu canke inzego z’igihugu. Benshi bokwibuka akamaramaza k’umugore yadutse akarira, ataka atakamba, ngo umwana wiwe imashini zazanywe n’igipolisi zamuhambiye umwana abona, aho hari hariya KUMASE. Ariko yarahinyujwe, ariko aramaramara aca aremeza ko hari iradiyo yari yamugereye. Uko ayo maradiyo yari yabidumishije abenshi baravyumvise. Akandi karorero nivya binogo vy’imisarani kw’i paruwase mu Kirundo, hari uwinamuye avuga ngo birindiriye abantu bazokwicwa, kugira bikunde bagume bashira mu majwi imbonerakure. Nivyo vyarasenzwe. Abarundi rero bohagabira ? kugira inambu y’ubutegetsi ntite igihugu mu manga. Abanyamahanga nabo bokwirinda guhendwa nk’abana, kuko nta na kimwe gifashe cotuma bashigikira imvugo ziturira nk’izo. Uwushaka ubutegetsi, nomwibitsa ko buri mu minwe y’abenegihugu, kandi mu kubushikira ari ukubereka ico uzobamarira.
Posted on: Fri, 19 Sep 2014 09:39:12 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015