Abahanga ba Loni bararega ingabo z’u Rwanda na Congo gushigikira - TopicsExpress



          

Abahanga ba Loni bararega ingabo z’u Rwanda na Congo gushigikira inyeshamba KIGALI/KINSHASA - Abayobozi bakuru b’igisoda c’u Rwanda na Congo bararegwa kuba ba nyiri bayazana mu guhungabanya umutekano mu burasirazuba bga Congo. Ibi byatangajwe n’abahanga ba Loni bakurikiranira hafi ibibera mu karere k’ibiyaga bigari. Nubgo basinye amasezerano yo kugarura amahoro, aba bayobozi ntibayubahirije. Muri raporo y’aba bahanga itarashirwa ku mugaragaro, bavuze yuko inyeshamba za M23 zishakira abasore binjira mu gisoda cazo mu gihugu c’u Rwanda. Kandi ibi ngo bakabikora babifashijwemo n’abayobozi bakuru b’igisoda c’u Rwanda. Ntabgo ari abayobozi b’u Rwanda gusa batungwa agatoki muri iyi raporo ya Loni. Abayobozi bakuru b’igisoda ca Congo nabo bararegwa gufasha inyeshamba z’Abanyarwanda ziri ku butaka bga Congo. Nkuko byatangajwe n’ikinyamakuru Reuters dukesha iyi nkuru, iyi raporo ntizashimisha Kigali na Kinshasa kubera ko hari amasezerano basinyanye yo kugarura amahoro muri Congo. Aba bahanga ba Loni bohereje ibaruwa kuri Leta y’u Rwanda ku minsi 14/06/2013, bayisaba gusobanura ibiyivugwaho; ubu bakaba bategereje igisubizo. Bavuze kandi yuko bamwe mu bahoze muri M23 ko bahamije yuko abayobozi b’igisoda c’u Rwanda bashigikira M23, kubera ko bajabukira i Chanzu cangwa Rumangabo guhura na Makenga. Abantu 14 bahoze muri M23 babgiye aba bahanga ba Loni ko bagerageje gutoroka basubira iwabo mu Rwanda, ariko abayobozi b’igisoda c’u Rwanda babasubizayo ku mbaraga. Nubgo bimeze gutyo, userukira u Rwanda muri Loni, Olivier Nduhungirehe, yamaganiye kure ibivugwa ku Rwanda. Akoresheje urubuga rwa Twitter, Nduhungirehe yagize ati: “... Murashobora kumbgira izina ry’umwe mu bayobozi ba RDF uvugwa gufasha M23? Ntawe!” U Rwanda ntabgo rwishimiye aba bahanga ba Loni kuva mbere hose. Mu kwezi kwa gatatu rwanze guha visa abakozi babiri ba Loni, rubashinja kubogama. Ibi nanone byatangajwe na Nduhungirehe. “Batatu mu bahoze ari abayobozi b’igisoda muri M23, umu kada (cadre) umwe, hamwe n’abayobozi bo biturage batandukanye batangarije aba bahanga yuko kuva mu kwezi kwa gatatu kugeza mu kwezi kwa gatanu, babonye aba Colonels ba M23 Kaina na Yusuf Mboneza bari kumwe n’abayobozi b’igisoda c’u Rwanda ku mupaka i Kabuhanga,” ibi byatangajwe n’iyi raporo. Iyi raporo kandi iravuga yuko nyuma y’ifatwa rya Goma muri 2012, ingabo z’u Rwanda ntizasubiye kugaragara ku bginshi muri Congo. Ikindi kandi iyi raporo ivuga nuko ngo nyuma yo kwitanga kwa Bosco Ntaganda mu kwezi kwa gatatu, ibi ngo byatakarije M23 morale. Ibindi bivugwa muri raporo nuko ubu nta bimenyetso bifatika bigaragaza yuko Leta ya Uganda ishigikiye M23, ariko ngo M23 ishakira abanjira mu gisoda cayo mu gihugu ca Uganda mu buryo butari cane. Aba bahanga bongeyeho ko abategetsi ba Uganda bagiye baburizamo ibikorwa bya M23 byo gushaka abasoda ku butaka bga Uganda. Aba bahanga ba Loni bavuga kandi yuko M23 yaka abaturage imisoro myinshi cane, ku buryo yinjiza 180,000$ ku kwezi. Imodoka imwe ngo ikaba yakwa guhera kuri 200$ kugeza ku 1,000$. Abakoze iyi raporo ya Loni bakaba kandi ngo barakiriye andi makuru yemeza yuko hari imikoranire ya hafi hagati y’ingabo za Congo na FDLR. Ibi MONUSCO ntiragira ico ibivugaho. Inkuru: Reuters Ifoto: Channel4 IMURENGE.COM: imurenge/readnews.php?id=777
Posted on: Sat, 29 Jun 2013 18:08:17 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015