#Burundi Bob Rugurika, Umuyobozi wa radiyo Rpa ahejeje kwinjizwa - TopicsExpress



          

#Burundi Bob Rugurika, Umuyobozi wa radiyo Rpa ahejeje kwinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba inyuma yamasaha hafi munani yari amaze ariko arasambishwa kuri Parake ya Bujumbura Mairie. Bob ntarekuriwe gupfungirwa aho bahora bashira abanyororo babategetsi mugihe hari hamaze imisi havugwa umugambi wo kumugandagura hakoreshejwe umunyororo. Iradiyo Rpa yaheruka kwerekana mu ndwi iheze uko igandagurwa ryababikira batatu babataliyanokazi ryoba ryaragenze muri Nyakanga iheze hariya mu Kamenge. Uwo mugambi woba wateguwe na Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahora arongoye iperereza. Abantu isinzi bari baje gushigikira Bob Rugurika. Rpa nico kimenyetso gikuru cumwidegemvyo wivyiyumviro mu Burundi. Gupfunga Bob nimwe mu nzira yuguhagarika umwidegemvyo wabarundi. Dutegerezwa kurwanya ako karenganyo nkuko twabikoze kuri Mbonimpa. #JeSuisBobRugurika #JeSuisRpa
Posted on: Tue, 20 Jan 2015 15:57:31 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015