Ubushikiranganji bw ikigega ca Reta bwemeza ko ubutunzi bw - TopicsExpress



          

Ubushikiranganji bw ikigega ca Reta bwemeza ko ubutunzi bw igihugu bwifashe neza n aho bishika Reta igasaba amadeni mu mabanki.Desire Musharitse qvugira ubwo bushikiranganji abivuze inyuma y aho ishirahamwe PARCEM rimenyesheje ko ubutunzi bw uburundi bugeze ahatemba. Ishirahamwe PARCEM rikaba ryafatiye ku cegeranyo rivugako giherutse gushirwa ahabona n ubwo bushikiranganji bw ikigega ca Reta. Aho vyagaragaye ko Reta imaze amezi arenga atandatu ata faranga na rimwe rirangwa mu kigega cayo. Desire Musharitse avugira ubwo bushikiranganji bw ikigega ca Reta akavugako n aho abafasha uburundi bataratanga imfashanyo bose, uburundi ngo buhagaze neza.
Posted on: Wed, 19 Nov 2014 15:02:20 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015