Umunyamerika wabeshe ko ari umuhungu wa Kabila akiba ifaranga - TopicsExpress



          

Umunyamerika wabeshe ko ari umuhungu wa Kabila akiba ifaranga yemeye ibyo aregwa Ubganditsi Ku minsi 10/09/2013 Ifoto (Flickr): Blessed Marvelous Herve SAN FRANCISCO (CBS) - Umugabo wo muri San Francisco, aha ni mu ntara ya California, muri Leta zunze ubumwe za Amerika, yemereye urukiko ibyo aregwa. Ibyo aregwa nuko yiyise umuhungu wa Perezida Joseph Kabila wa Congo maze akiba abantu badandaza amazu ifaranga zirenga miliyoni y’amadolare ($1.6 million) mu gihe c’imyaka ine. Umucamanza wo muri San Francisco yatangaje uyu munsi yuko Blessed Marvelous Herve ko yemeye ibyaha aregwa umunsi w’agatanu k’iyinga rishize. Abibge ifaranga, umugabo n’umugore we, nyiri kubiba yabasabye ko bamwohereza ifaranga nyuma akazabishura. Yarongeye ababgira yuko Leta ya Amerika imufitiye ifaranga kandi ko yigeze no kumufunga. Herve amaze iminsi mu buroko kuva afashwe mu kwezi kwa kane uyu mwaka. Nacirwa urubanza ku minsi 22/11/2013, uyu mugabo azahanishwa igihano c’imyaka 20. Uyu mugabo wiyise umuhungu wa Joseph Kabila afite imyaka 41, ari nayo myaka Perezida wa Congo afite ubu. Arangana na Kabila nubgo yabeshe ko ari umuhungu we. IMURENGE.COM: imurenge/readnews.php?id=988
Posted on: Tue, 10 Sep 2013 00:15:09 +0000

Trending Topics



Recently Viewed Topics




© 2015