ibi ni ivyashikirijwe ihuriro ryabahungu nabakobwa. mubivuze ko - TopicsExpress



          

ibi ni ivyashikirijwe ihuriro ryabahungu nabakobwa. mubivuze ko iki? NKABAGIZE IHURIRO RYABAHUNGU NABAKOBWA TWOFASHA IKI ABA BANTU BARIKO BICWA NINZARA MU KIRUNDO? UMWE WESE ATANGE ICIYUMVIRO CIWE KUKO UBU HEGEREJE UGUTERAGIRA KANDI NTAMBUTO BAGIRA. MUNTARA YA KIRUNDO INZARA YABAYE NDANSE. Mu ntara ya Kirundo, imwe mu miryango yarataye izabo, ihunga ikigoyi muri komine ya Busoni na komine ya Bugabira. Nk’uko bamwe mu banyagihugu b’i Rwabikara zone ya Gasenyi (busoni) na kigoma, zone kigoma (Bugabira) babivuga, imyaka ibiri irarangiye, barima bagatahira gukubita isuka hasi gusa. Bamenyesha ko hageze aho vyanka, ndetse imiryango igera kuri 15 ikaba yaciye ihungira ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo aho abagiraneza b’ababikira bo mu muryango w’abene Tereza w’i Calcuta, baciye baba barabahaye utwo baba barafungura., iyindi miryango itazwi igitigiri ica ihungira mugihugu kibanyi curwanda mwico gihe, ubu iyo miryango ikaba iriko irasubira muzabo inyuma yaho akavura gatanguye gukorokera mugabo bikabonekako naho bagarutse ataco bariko bimarira atari ukuja guca ingero ya buri munsi kugira barabe uko bobaho, tukaba tubona ko hatabonetse abagiraneza ngo bafashishe imbuto iyo muryango ikenye kurusha iyindi muntara ya kirundo, dushobora gusanga ataco turiko turakiza naburya habonekako atagikozwe inzara ishobora kwaduka ndetse nubusuma bwibiterwa bukaba ndanse kuko atambuto bazoba baronse ngo bateragire. Dusavye umwe wese aho ari hose kuco afite cose cane cane abo dusangiye groupe turabe ko twogira ico dukoze kugira abo bene wacu, bashiki bacu, ba data wacu ba mama wacu, ba sokuru, na nyokuru bacu abana bacu ntibaze bahunge inzara mumwaka uza dukubite inzi ibipfunsi tubaronkere imbuto. AKARORERO: MUSHOBORA KWIBAZA NGO NTAVYO TWOSHOBORA: MURI GROUPE TURI 3120 UNO MUNSI UMWE WESE ATANZE IKIRO 1kg hariko, tworonka 3T120KG= 3120Kg ugaburiye imiryango amajana 208familles = 15kg kumuryango mwumva bidakwiye kandi uyo muntu yoteragira. Ivyiyumviro vyanyu ni nkenerwa, murakoze.
Posted on: Fri, 19 Sep 2014 12:22:26 +0000

Recently Viewed Topics




© 2015